Indyoheshabirayi(14) :

Ijyanwa mu nzu bimara umwanya,
Ntiyanasohoka bimara umunsi;
Ibyuma by'inkota z'indayi,
Bihava byambaye umwisheke!
Abakozi baho uko nabarabutswe,

Umwura batobye wari mwinshi!
Ngo bucye ibirori birasakabaka,
Birasamaza biba urugera!
Abakuru bose uko nababonye,
Babyizihiza bari nk'ahandi

Umutima wabo ukaba ku kantu!
Isaha yegereje amashoka,
Ba madamu batuma umuntu :
Aje arabarembuza baragenda,
Ayo mazu meza barayataha!

Barahonongera mu bibanda,
Ibyo bifafari barabifunga
Nuko Rwitsibagura araza,
Acira ifudika ari ku muryango.
Uko yagatashye iryo juru ryabo,

Arabukwa ameza aho adendeje :
Yumva yirukwa mu birenge,
Umutima usaba ubugwaneza
Umuhogo wuzuramo urugwiro
Inzoka yo mu nda isamuza umwuka,

Igira ngo jorororo mu ibondo
Yumva ahongobotsemo ibintu,
Agira ubukirigitwa umunwa wose,
Azana udutwenge aramwenyura,
Abwira abandi ati «karabaye!»

Naho ubwo Rwampungu aratamba!
Abona isahani ahingukiyeho,
Arayivumerera uko bisanzwe
Ajya kuyihobera baramubuza :
Barazigaziga ararorera! .../...

Ibikurikira murabisanga kuri paji Indyoheshabirayi(15)


Urundi rutonde
Urukumbuzi rwa Sekarama (1) :
Intege z'ubusaza za Sekarama :
Nugururiye Inyange (1) :
Sekarama asaba umwambaro :
Marebe atemba amaribori (1) :
Nyambo iruta ibigarama (1) :
Nacumuye iki Mwimanyi ? (1) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (1) :
Naje kubika u Burundi (1) :
Umunyamerwe (1) :
Naje kubara inkuru (1) :
Indyoheshabirayi (1) :
Ibyiruka rya Maheru (1) :
Iriburiro ku bisigo :
Indyoheshabirayi(Ibisobanuro) 1 :
Indyoheshabirayi (2) :
Indyoheshabirayi (3) :
Indyoheshabirayi (4) :
Indyoheshabirayi (5) :
Indyoheshabirayi (6) :
Indyoheshabirayi (7) :
Indyoheshabirayi (8) :
Indyoheshabirayi(Ibisobanuro) 2 :
Indyoheshabirayi(Ibisobanuro) 3 :
Marebe atemba amaribori (2) :
Marebe atemba amaribori (3) :
Marebe atemba amaribori (4) :
Marebe atemba amaribori (5) :
Marebe atemba amaribori (6) :
Marebe atemba amaribori (7) :
Nacumuye iki Mwimanyi ? (2) :
Naje kubara inkuru (2) :
Naje kubara inkuru (3) :
Naje kubara inkuru (4) :
Naje kubika u Burundi (2) :
Naje kubika u Burundi (3) :
Naje kubika u Burundi (4) :
Naje kubika u Burundi (5) :
Ibyiruka rya Maheru (2) :
Ibyiruka rya Maheru (3) :
Ibyiruka rya Maheru (4) :
Ibyiruka rya Maheru (5) :
Ibyiruka rya Maheru (6) :
Ibyiruka rya Maheru (7) :
Ibyiruka rya Maheru (8) :
Ibyiruka rya Maheru(11) :
Ibyiruka rya Maheru (9) :
Ibyiruka rya Maheru(10) :
Ibyiruka rya Maheru(12) :
Indyoheshabirayi (9) :
Indyoheshabirayi(10) :
Indyoheshabirayi(11) :
Indyoheshabirayi(12) :
Indyoheshabirayi(13) :
Indyoheshabirayi(14) :
Indyoheshabirayi(15) :
Indyoheshabirayi(16) :
Indyoheshabirayi(17) :
Indyoheshabirayi(18) :
Indyoheshabirayi(19) :
Indyoheshabirayi(20) :
Indyoheshabirayi(21) :
Indyoheshabirayi(22) :
Indyoheshabirayi(23) :
Indyoheshabirayi(24) :
Indyoheshabirayi(25) :
Indyoheshabirayi(26) :
Indyoheshabirayi(27) :
Indyoheshabirayi(28) :
Indyoheshabirayi(29) :
Nugururiye Inyange (2) :
Nugururiye Inyange (3) :
Nyambo iruta ibigarama (2) :
Nyambo iruta ibigarama (3) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (2) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (3) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (4) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (5) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (6) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (7) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (8) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza (9) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza(10) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza(11) :
Ukwibyara gutera ababyeyi ineza(12) :
Umunyamerwe (2) :
Urukumbuzi rwa Sekarama (2) :